Uko wahagera

Indongozi Zitari nke za Al Qaida Zarishwe muri Afuganistani


Abarwanyi ba Al Qaida muri Afuganistani
Abarwanyi ba Al Qaida muri Afuganistani

Abasirikare ba Reta ya Afuganistani bafatanije n’inteko mvamakungu zirongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ziriko zirwanya iterabwoba, mur’iyi ndwi zarishe indongozi zitari nke za al-Qaida zo ku rwego rwo hejuru, n’abarwanyi 80 bazo hamwe n’abarwanyi b’Abatalibani.

Ivyo vyatangajwe n’iperereza mu gihugu ca Afuganistani, bavuga kandi ko mur’ivyo bitero uwitwa Omar bin Khetab, azwi ku rindi zina rya Omar Mansoor, ari mu bishwe.

Khetab yagira kabiri mu ndongozi za al-Qaida mu karere kagizwe na Afghanistani hamwe n’Ubuhindi. Abaye kandi umutegetsi akomeye wa al-Qaida yishwe mur’ico gihugu kuva mu mwaka w’2001 aho inteko mvamakungu zatanguza intambara yo gukura Abatalibani ku butegetsi, bagirizwa gukingira ikibaba uwo muhari w’iterabwoba.

Ivyo bitero vyasambuye kandi amakambi atanu ya al-Qaida, abarwanyi 27 bawo barafatwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG