Uko wahagera

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi kw’isi HCR catangaje kur’uyu wa kabiri ko cuguruye izindi kambi zibiri z’impunzi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Ikambi imwe iri ku nkengera z’igisagara ca Baraka, mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, iyindi mu gisagara ca Dungu, mu ntara ya Haut-Uélé, mu buraruko bushira ubuseruko, nkuko vyashikirijwe na HCR.

HCR imenyesha ko impunzi zishika ibihumbi 90 zavuye mu bihugu vy’Uburundi, Republika ya Centrafrika, Sudani y’Epfo zahungiye muri Kongo mu mezi cumi n’abiri aheze, zatumye RDC gica kigira impunzi zirenga igice c’umuliyoni.

Haruhande y’izo mpunzi zirenga 526.543 ziba muri RDC, ico gihugu kirimwo Abanyekongo bateshejwe ingo zabo barenga imiliyoni zine bakwiragiye mu gihugu hagati – ibitigiri vya mbere mu bwinshi ugereranije n’ibindi bihugu vya Afrika.

HCR iriko isaba imfashanyo y’imiliyoni zirenga 230 z’amadolari y’Abanyamerika mu bikorwa muri RDC, ivuga ko gushik’ubu imaze kuronka ayari munsi y'igice cayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG