Uko wahagera

Umupolisi yamuka mu gihugu ca Mauritaniya wo mu nteko za ONU muri Centrafrika yarishwe ku musi wa mbere mu gisagara ca Bria hagati mu gihugu, abandi batatu barakomereka mu gitero cakozwe n’abarwanyi b’aba anti Balaka.

Abo bapolisi bari bacungereye ikambi y’abateshejwe izabo mur’ico gisagara. Abarwanyi b’aba Anti Balaka biyita ko barwanira abari mw’idini rukristu muri Centrafrika.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaneguye ico gitero. Uyo mupolisi ashikanye ku gitigiri 13 c’inteko za ONU zibungabunga amahoro n’umutekano zimaze kwicwa muri Centrafrika kuva mu kwezi kwa mbere, umwaka wa 2017.

Antonio Guterres yahojeje umuryango wabuze na Reta ya Mauritaniya. Yongeye avuga ko ibitero bigabwa ku nteko za ONU zibungabunga umutekano bishobora gushirwa mu murwi w’ivyaha vyo mu ntambara. Asaba Reta ya Centrafrika gutangura amatohoza, abagirwa bazocirirwe urubanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG