Reta y’Ubusuwisi yatangaje ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere ko igiye gusubiza Nijeriya imiliyoni zababa 321 z’amadolari y’Abanyamerika yibwe n’uwahoze atwaza igikenye ico gihugu, Sani Abacha.
Mu kwezi kwa gatatu 2016, niho Ubusuwisi na Nijeriya vyasinya amasezerano yo gusubizanya ubwo butunzi bwibwe.
Izo miliyoni 321 z’amadolari zari zabitswe muri Luxembourg mu nyuma zifatwa na sentare y’i Genève mu kwezi kwa cumi na kabiri, 2014.
Sani Abacha, yatwaye Nijeriya kuva mu 1993 gushika 1998 apfuye, yagirijwe kuba yarasahuye imiliyaridi 2,2 z’amadolari y’Abanyamerika ayakuye muri banki nkuru y’ico gihugu.
Facebook Forum