Uko wahagera

Senateri: Harageze ko Imiryango y'Inteko ziri muri Koreya y'Epfo Itahuka.


Senateri w'Umurepublikani, Lindsey Graham, mu nama nshingamateka.
Senateri w'Umurepublikani, Lindsey Graham, mu nama nshingamateka.

Umukuru w’abasenateri b’umugambwe w’Abarepublikani mu nama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Lindsey Graham yatangaje kur’uyu w’Imana ko hageze gutangura gutahukana imiryango y’abasirikare b’Amerika iri muri Koreya y’epfo.

Graham yagize ati "Ntivyumvikana kurungika abagore n’abana muri Koreya y’epfo, uravye ingene igihugu kibanyi ca Koreya ya ruguru kibandanya agasomborotso," yabivugiye mu kiganiro yahaye Televiziyo CBS ikorera muri Amerika.

Graham yavuze ivyo inyuma y’aho umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu hagati mu biro vya White House, H.R. McMaster avugiye ku musi wa gatandatu ko amahirwe y’uko Amerika ishobora gutana mu mitwe na Koreya ya ruguru abandanya yiyongera buri musi.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika bitangaza ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika buriko burondera ibibanza mu burengero bwa Amerika ahoshingwa ibirwanisho vyo kuzibira Misile zova muri Koreya ya Ruguru.

N’inyuma y’aho ico gihugu kirungikiye Misile yagenze ibirometero vyinshi yari gushobora kurwa ku butaka bw’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG