Uko wahagera

Amerika Yidohoye mu Masezerano ku Mpunzi n'Abimukira


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yafashe ingingo yo kuva mu masezerano mpuzamakungu yerekeye kwakira impunzi n’abimukira.

Reta ya Trump yabimenyesheje ibicishije mw’itangazo ryasomwe n’intumwa z’Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu kubimenyesha umunyamabanga mukuru wa ONU.

Mu kwezi kw’icenda 2016, ibihugu 193 bigize inama ya bose ya ONU vyaremeje ata na kimwe kivuyemwo urwandiko rwiswe, “Icemezo c’i New York ku mpunzi n’Abimukira kigamije kubitaho ku rwego mpuzamakungu, birimwo kuzakira, no gufasha abatahuka.

Amerika yashikirije ONU ko ico cemezo giteye kubiri na politike y’Amerika y’iki gihe c’intwaro ya Donald Trump ku bibazo vy’impumzi n’abimukira.

Kuva ashikira ubutegetsi mu kwezi kwa mbere, umurepublikani Donald Trump, yarahinduye zimwe mu ngingo zafashwe n'umudemokrate Barack Obama yasubiriye. Nyinshi muri zo, zafashwe mu bisata vyerekeye impunzi n’abimukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG