Uko wahagera

Ibitigiri vy’Abanyekongo Bahungira Zambiya Biguma Vyiyongera


Umwe mu miryango Yahunze iva muri Kongo, mw'ikambi y'agategekanyo iri ahitwa "Kenani" muri Zambia

Ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi HCR ryatangaje ko, Abanyekongo bagera ku 12,000 aribo bamaze guhungira muri Zambia kuva haduka ikibazo c’umutekano muke mu karere ka Katanga n’intara ya Tanganyika muri Repubulika Iharanira Demukarasi ya Kongo.

Abarenga 8,400 kuri abo, bashitse muri Zambiya mu mezi atatu aheze, babwiye HCR ko bariko bahunga umutekano muke ubarizwa mu karere k’amajepfo ya Kongo.

Uwo mutekano muke watewe ahanini n’ugushaka kuguma ku butegetsi kwa Perezida Joseph Kabila.

Amakuru ava aho muri Kongo, yemeza ko abanyagihugu batari bake, bamaze gupfa bazira ugutana mu mitwe hagati y’ingabo z’igihugu n’imirwi yitwaje ibirwanisho irwanya reta ya kongo.

Babar Baloch, ajejwe gutanga amakuru muri HCR yabwiye Ijwi ry’Amerika ko, abanyekongo bagera ku miriyoni zine aribo babarizwa mu makambi y’abateshejwe izabo hagati mu gihugu. Ni mugihe muri rusangi abamenyekanye ko bataye izabo mu kwezi guheza bagera ku 200,000.

Ibice 80 ku ijana vy’ivyo bitigiri, bigizwe n’abana hamwe n’abapfasoni bemeza ko bafashwe ku nguvu akatari gake.

HCR ivuga ko iriko irondera abagira neza boyisahiriza kugira ishobore kugurura vyihuta iyindi kambi yo kwakira impunzi z’abanyekongo bahunga uko umusi utashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG