Uko wahagera

Abantu 9 Bishwe mu Gitero c'Umwihevyi muri Pakistani


Pakistan
Pakistan

Akagwi k’abantu bitwaje ibirwanisho bikomeye bagavye igitero c’ubwihevyi ku nyubakwa ikorerwamwo ubushakashatsi mu gisata c’uburimyi cegukira imwe muri kaminuza muri Pakistani bica abantu 9 abandi 35 barakomereka.

Igiporisi ca Pakistani kivuga ko cakikuje iyo nyubakwa yatewe, gica gitangura gutana mu mitwe n’abo bagizi ba nabi kugira kirokore abari mu vyara vyabo. Ukwo gutana mu mitwe vyamaze amasaha atari make kandi abarwanyi batatu bahasize ubuzima.

Benshi mu basize ubuzima mur’ico gitero co kur’uyu wa gatanu bari abanyeshure.

Umukuru w’igiporisi yavuze ko abategetsi batoye ibirwanisho bito bito, amasasu hamwe na gerenade 20 ziterwa n’intoke hamwe n’ibisasu bitashobotse guturika kur’ico kibanza uwo mwanya.

Ababibonye hamwe n’abategetsi bavuga ko abagavye ico gitero, bose bari abagabo biyambitse impuzu ndende z’abagore kugira bahishire inkoho hamwe na bombe bari bitwaje.

Mu ndwi iheze, umwiyahuzi yari ku pikipiki yarateye imiduga y’igiporisi mu ntara ya Peshawar, yica icegera c’umukuru w’igiporisi mur’iyo ntara hamwe n’uwamucungerera ubuzima.

Igihugu ca Pakistani kimaze imisi kirangwamwo ubwicanyi mu gihugu cose. Mu ndwi ziheze, abantu barenga icumi barishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG