Uko wahagera

Obama Yipfuza Imigenderanire Myiza Hagati y'Amerika n'Ubushinwa


Perezida Barack Obama yahoze arongoye Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi wa gatatu yarabonaniye i Pékin na Perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, amubwira ko yipfuza kubona imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo bibiri itera imbere.

Ivyo yabishikirije kur’uyu wa kane kuri Televiziyo y’Ubushinwa mu gihe mur’ako karere har’icuka kibi catewe n’inyifato ya Koreya ya ruguru.

Obama, yashitse mu Bushinwa ku musi wa kabiri mu ngendo arimwo zo gushikiriza amajambo mu ma nama.

Obama yabwiye Perezida Xi ko yipfuza kubandanya atanga intererano yotuma imigenderanire hagati y’Ubushinwa n’Amerika irushiriza kuba myiza.

Perezida Xi w’Ubushinwa nawe yavuze ko ighugu ciwe n’Amerika basangiye vyinshi kandi bafise uruhara rukomeye rwo kubungabunga amahoro n’umutekano kw’isi.

Obama yategekanya kuva m’Ubushinwa kur’uyu wa kane agaca yerekeza m’Ubuhindi kubonana n’umushikiranganji wa mbere, Narendra Modi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG