Uko wahagera

Amerika Yatanguye Gutahukana Abasirikare Bayo Bari muri Siriya


Abasirikare b'Amerika muri Siriya.
Abasirikare b'Amerika muri Siriya.

Abasirikare barenga 400 ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bafashije Siriya kwigarurira igisagara ca Raqqa bagikuye mu minwe y’umuhari w'iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu bariko baratahuka.

Ivyo bishikirizwa n’urunani rw’inteko mpuzamakungu rurongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ziriko zirwanya uwo muhari.

Brigadiye jenerali Jonathan Braga wo mu gisirikare c’Amerika yatangaje ko abasigaye bazobandanya utwigoro twabo two gufasha Siriya na Iraki kubungabunga umutekano.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwatangaje ko Amerika ifise abasirikare 503 muri Siriya ariko igitigiri gishasha catanzwe n’abategetsi b’Amerika mu ndwi iheze cavuga abababa ibihumbi bibiri.

Nta gitigiri c’abasirikare b’Amerika bariko baratahuka catanzwe ndetse n’ic’abasigaye muri Siriya. Ariko benshi muri bo n’inteko zidasanzwe ziriko ziratanga imyimenyerezo ya gisirikare, impanuro ndetse n’ibirwanisho ku basirikare ba Siriya na Iraki bariko bahangana n’umwansi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG