Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Iyindi Misile


Umukuru wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un akurikirana ingene Misile iterwa.

Igihugu ca Koreya ya Ruguru carungitse mu kirere kur’uyu wa kabiri ikindi kigendajuru co mu bwoko bwa Misile cagenze ibilometero bishika 1000. Ivyo vyemejwe na Deparotema yo kwivuna abansi ya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Umuvugizi w’iyo Deparotema, Koloneli Robert Manning, yamenyesheje ko bakurikiranye iyo Misile kuva igiterwa kandi ko ari ikigendajuru gishobora gushika ku wundi mugabane w’isi.

Yavuze kandi ko iyo Misile atabwoba yateye Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ubutaka bwayo ndetse n’ibihugu bigenzi.

Nayo umwe mu bategetsi bakora mw’iperereza ry'Amerika yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ivyabaye ata gishasha kirimwo vyari bizwi.

Ibihugu vy’Ubuyapani, Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe na Koreya y’Epfo vyasavye ko Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi ikorana vyihuta inyuma y’iterwa ry’iyo Misile.

Ivyo vyashikirijwe n’Umutaliyano ayirongoye mur’uku kwezi kwa cumi na rimwe.

Giovanni Davoli yavuze ko hacirwa italiki iyo nama yoberako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG