Uko wahagera

Umwiyahuzi Yarishe Abashika 11 Muri Iraki


Igiporisi muri Iraki gitangaza ko umwiyahuzi yaturikije bombe mw’isoko riremamwo abantu benshi mu micungararo y’umurwa mukuru Baghdad, yica abantu bashika kuri 11.

Abategetsi bavuga kandi ko abashika 26 bakomeretse mur’ico gitero co ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu wemeye ko ariwo wakoze ubwo bwicanyi.

Ivyo bibaye mu gihe igisirikare ca Iraki kikibandanya urugamba rwo gutuza uwo muhari, inyuma yo kuwambura ibirindiro vyose warimwo mu burengero bwa Iraki hafi y’ububibe na Siriya.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi yavuze ko igihugu ciwe kigiye vuba gutangaza intsinzi ku muhari wa reta ya Kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG