Uko wahagera

Demi-Leigh Nel-Peters Yatsinze Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Ubwiza


Former Miss Universe Iris Mittenaere, right, crowns new Miss Universe Demi-Leigh Nel-Peters at the Miss Universe pageant Sunday, Nov. 26, 2017, in Las Vegas.
Former Miss Universe Iris Mittenaere, right, crowns new Miss Universe Demi-Leigh Nel-Peters at the Miss Universe pageant Sunday, Nov. 26, 2017, in Las Vegas.

Demi-Leigh Nel-Peters wo mu gihugu ca Afrika y’epfo niwe yatsinze ihiganwa mpuzamakungu ry’ubwiza ejo ku musi w’Imana mu gisagara ca Las Vegas, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Demi-Leigh Nel-Peters, afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri mur’iki gihe, yatsinze abo bahiganywe mu ncuro ya nyuma, umunyacolombiya, Laura Gonzalez n’umunyajamayika, Davina Bennett.

Nel-Peters, afise urupapuro rw’umutsindo mu vyerekeye gutunganya neza ivyerekeye kugira imiriro y’ububandaji.

Yatangaje kw’umwigeme basangiye umuvyeyi umwe afise ubumuga ari mu bantu bamuhaye inguvu kandi yamubereye akarorero mu buzima bwiwe.

Mw’ihiganwa ry’ubwiza ry’umwaka ugira uwa mirongo itandatu na gatandatu, abigeme bagera kw’ijana bavuye mu bice bitandukanye vyo kw’isi, nibo barigizemwo uruhara.

Laura Gonzalez wo mu gihugu ca Colombiya yarangije mu kibanza ca kabiri mu gihe Davina Bennett wo muri Jamayike yarangije mu kibanza ca gatatu.

Steve Harvey, afise ikiganiro c’ugutwenza abantu kuri televiziyo niwe yashikirije urutonde rw’ivyariko biraba mw’ihiganwa ry’ubwiza ry’ejo ku w’Imana, mu bubaye ubugira gatatu ahagarikira iryo higanwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG