Uko wahagera

Siriya: Abashika 53 Barishwe n'Indege z'Uburusiya.


Indege za gisirikare z'Uburusiya
Indege za gisirikare z'Uburusiya

Abantu bashika 53 barimwo abana 21 barishwe abandi 18 barakomereka kur’uyu w’Imana muri Siriya mu bitero vyakozwe n’indege za gisirikare z’Uburusiya mu mihana igenzurwa n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu buseruko bwa Siriya.

Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe rigenzura iyubahirizwa ry’agateka ka muntu muri Siriya ariko rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ivyo bitero vyakozwe mu bucagucagu ku nzu zibamwo abantu mu mihana y’ahitwa Al-Chafah, ku nkengera z’uruzi Euphrate, mu ntara ya Deir Ezzor.

Uburusiya soma mbike na Perezida wa Siriya Bachar al-Assad, bugaba ibitero vy’indege kuva mu kwezi kw’icenda 2015, ivyatumye abasirikare ba reta ya Siriya bongera kwigarurira ibirindiro bari batwawe na ISIS hamwe n’iyindi mihari irwanya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG