Uko wahagera

ONU Iranegura Ishimitse Ibitero ku Basirikare Bayo Muri Centrafrika


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aranegura yivuye inyuma igitero cakozwe kur’uyu w’Imana n’abarwanyi bakekwa kuba aba anti-Balaka bateye imiduga y’abasirikare ba ONU bari muri Republika ya centrafrika ba MINUSCA.

Ico gitero cahitanye ubuzima bw’umusirikare umwe yamuka muri Misiri abandi batatu barakomereka.

Mu rwandiko rwashikirijwe n’umuvugizi wiwe, Antonio Guterres yahojeje imiryango yabuze ndetse na reta ya Misiri.

Iki gitero giciye gishikana ku basirikare 13 ba ONU bamaze gupfa muri centrafrika kuva mu kwezi kwa mbere umwaka w’2017.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yongeye kwibutsa ko ibitero ku basirikare ba ONU bari mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro n’umutekano bishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG