Uko wahagera

Umushikiranganji w'Ububirigi Didier Reynders Yitezwe muri RDC


Umushikiranganji w'Ububirigi ajejwe imigenderanire n'amakungu, Didier Reynders.
Umushikiranganji w'Ububirigi ajejwe imigenderanire n'amakungu, Didier Reynders.

Ububirigi butangaza ko umushikiranganji wabwo ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Didier Reynders, agira urugendo muri Repulika iharanira demokarasi ya Kongo kur’uyu wa mbere.

Azoba agiye mu birori vyo kwinjira inyubakwa nshasha za Ambasade z’Ububirigi n’Ubuholande i Kinshasa, nkuko vyashikirijwe na ambasade y’Ububirigi mw’itangazo yashikirije kur'uyu w'Imana.

Urwo rugendo rwa Reynders rwamaze gutera amakenga ibimenyeshamakuru bivugira ubutegetsi, bimwagiriza kuba yegereye abatavuga rumwe na reta basaba ko perezida Joseph Kabila ava ku butegetsi, kandi bari bipfuza ko Charles Michel, umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi agendera ico gihugu.

Reynders ashitse muri Kongo mu gihe abategetsi b’ico gihugu babujije imyiyerekano yasabwe n’abashigikiye ubutegetsi hamwe n’abatavuga rumwe nabwo yar’itegekanijwe mur’iyi ndwi, bamwe bashigikira ikirangamisi c’amatora giheruka gushingwa, abandi baciyamiriza.

Reynders yitezwe guha ikiganiro abamanyeshamakuru ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere nyene, imbere yuko yerekeza mu nama ihuza Uburayi n’Afrika i Abidjan muri Kote d'Ivuware.

Ntibiramenyekana ko aza kubonana n’abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG