Uko wahagera

Misiri:Prezida Yavuze Kw'Abicanyi Bazokubitwa Intahe mu Gahanga


Mu gihugu ca Misiiri, igihe umukuru w’idini yar’agiye gushikiriza ubutumwa n’igisabisho ku muwi wa gatanu mu buraruko bw’akarere ka Sinai, haciye haduka igitero c’iterabwoba.

Abagizi ba nabi bakoze ico gitero, binjiye mur’uyo musigiti, batangura kurasa abari bitavye igisabisho, bongera batera akamo kagira kati: Allahu Akbar, n’ukuvuga Imana niyo nkuru.

Abariko mur’ico gisabisho, baciye bahonyangana bagerageza guhunga, ariko baca basaba imiryango yazibiwe n’imidoka zaturiwe.

Aho ico gitero kirangiriye, abantu 305, barimwo abana 27 bari bishwe barashwe, mu gihe abandi 128, bakomeretese.

Abantu bavyiboneye bavuze kandi kandi kw’abo bagizi ba nabi barashe ku mudoka ya rusehabaniha, igihe abakozi bo kwa muganga bajejwe kugarukira ku mbabare mu buryo bwihutirwa, bagerageza kunyarukana mu bitaro abantu bakomeretse.

Ico gitero cakozwe ku musigiti ukoranirwamwo abantu benshi bo mu murwi w’abaislamu uzwi kw’izina, Sufis.

Umurwi ukorana n’umurwi w’intagondwa z’abaislamu watanguye gukora ibitero mur’iyo ntara kuva mu mwaka 2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG