Uko wahagera

Abantu 150 Bahitanywe n'Igitero c'Abiyahuzi mu Misiri


Umusigiti wa al-Rawdah mu Misiri wakozweho igitero

Abategetsi bajejwe umutekano mu gihugu ca Misiri, batangaje kw’abikekwa kw’arabarwanyi bagize igitero ku musigiti wari wuzuye abantu.

Ico gitero cabereye mu karere karimwo umutekano muke, mu buraruko bw’ikigobe ca Sinai uno musi ku wa gatanu. Abantu ijana na mirongo itanu na batanu bahasize ubuzima.

Abategetsi bavuga ko abao barwanyi barondera abashigikiye inteko zijejwe umutekano mu musigiti wa al-Rawdah mu gisagara ca Bir al-Abed. Bamenyesha ko abantu bari mu modoka zine batanguye kurasa mugihe c'ibisabisho vy’uno musi ku wa gatanu.

Ababonye ivyabaye bavuga ko ambulance zitwaye abapfuye n’abakomeretse mu bitaro biri hafi zibavanye ahabereye igitero.

Intagondwa z’abayislamu kenshi zahize inteko zijejwe umutekano mu bitero vyazo. Yamara zaragize ibitero no ku masengero y’abakristu no ku misigiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG