Uko wahagera

Uganda: Abamenyeshamakuru 8 Bagirizwa Guhemukira igihugu


Abategetsi b’Ubuganda barahagaritse abamenyeshamakuru umunani b’ikinyamakuru Red Pepper candikira mur’ico gihugu bagirizwa guhemukira igihugu.

Igiporisi cabafatiye ku biro bakoreramwo ku musi wa kabiri baca babata mu mvuto bagirizwa kuba batangaje inkuru y’ibinyoma.

Ayo makuru batavuze aho bayakuye yavuga ko Perezida Yoweri Museveni yariko arategura gukura Perezida w’Urwanda Paul Kagame ku butegetsi.

Haruhande y’ico caha co guhemukira igihugu, umuvugizi w’igiporisi c'Ubuganda, Emilian Kayima yatangaje ko abo bamenyeshamakuru bagirijwe gutangaza amakuru abangamira umutekano w’igihugu.

Kayima ariko ntiyavuze ryari bazorenguka imbere ya sentare.

Ishirahamwe ry’Abanyamerika ryishinze gukingira Abamenyeshamakuru CPJ ryasavye reta y’Ubuganda kubarekura vuba bwango uko ari umunani.

Ibimenyeshamakuru vyo mu Buganda, harimwo n’ico Red Pepper, vyaratangaje amakuru avuga ko har’impari hagati y’Ubuganda n’Urwanda zishingiye ku bibazo vy’ubutunzi n’umutekano.

Umushikiranganji w’Ubuganda ajejwe imigenderanire n’amakungu yamiriye kure ayo makuru avuga ko ar’igihuha kandi ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yifashe neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG