Uko wahagera

Uburusiya Bugiye Kugabanya Abasirikare muri Siriya


Ikiduga ca gisirikare c'Uburusiya kiriko kirarasira ku rubibe rwa Iraki na Siriya.
Ikiduga ca gisirikare c'Uburusiya kiriko kirarasira ku rubibe rwa Iraki na Siriya.

Igisirikare c’Uburusiya gitegekanya kugabanya abasirikare baco bari muri Siriya, kuko icabajanyeyo gisa n’ikiriko kirarangira. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa kane na jenerali Valéri Gerasimov, umukuru w’ibiro vya gisirikare w’Uburusiya.

Abajijwe igihe bazovirayo, yishuye ko bitaramenyekana neza, ariko yongerako ko bamwe bazosigarayo bafasha gusubiza hamwe abafise uruhara mu kurwanira ubutegetsi muri Siriya.

Ndetse n’ibirindiro vya gisirikare bafitiye mu bisagara vyo mu burengero bw’igihugu ngo bizogumizwaho kugira bibandanye bibungabunga umutekano.

Vladimir Poutine w’Uburusiya mur’iyi ndwi yarakoranije amanama yo mu rwego rwa kidipolomasiya aho yabonanye na perezida Bachar Al-Assad wa Siriya, Recep Tayyip Erdogan wa turukiya na Hassan Rohani wa Irani, avuga ko intambara muri Siriya yinjiye mu kindi kiringo inyuma y’aho ico gihugu gikuriwe mu vyara vy’abansi.

Uburusiya bwatanguye kugira uruhara mu ntambara yo muri Siriya mu kwezi kw’icenda umwaka w’2015, aho bwakoze ibitero vy’indege ku ruhande rwa perezida Bachar al-Assad, kandi vy’ukuri buragaragaza ko bufise ibintu mu minwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG