Uko wahagera

Abimukira 1100 Baratabawe n'Ubutaliyano muri Mediterane


Abimukira igihumbi n'ijana bari bavuye ku nkengera z’ibahari mu gice ca Libiya bararokowe kur’uyu wa gatatu, barimwo umugore yibarukiye mu bwato mw’ibahari. Ivyo bitangazwa n’abasirikare bacungera inkengera z’ibahari ku ruhande rw’Ubutaliyano.

Abo basirikare bamenyesha ko abo bimukira bari mu bwato cumi.

Kuva uyu mwaka utanguye, abimukira ibihumbi ijana na cumi na bine n’amajana atandatu nibo binjiye mu Butaliyano, igitigiri cagabanutse ku bice 32 kw’ijana ugereranije n’igihe nk’iki c’umwaka w’2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG