Uko wahagera

Macron Asaba ONU Kwiga ku Rudandazwa rw'Abimukira muri Libiya


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron

Ubufaransa buriko burasaba ko inama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi ikorana vuba kugira yige ikibazo c’ivyagirizwa Libiya ko hakorerwa urudandaza rw'abimukira b’Abanyafrika mu bikorwa vy’ubuja.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yavuze ko amasanamu ya videwo yerekanywe na televiziyo CNN y’Abanyamerika mu ndwi iheze ar’ibintu bibabaje kandi atawovyihanganira.

Yagiz’ati “N’ivyaha bihototera kiremwa muntu”, Macron yavuz’ivyo ahejeje kubonana n’umukuru arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, Alpha Condé.

Yongeye ati "Ndizigiye ko dushobora kurwanya abo bakora urwo rudandaza kandi ibihugu vyose bikoreye hamwe ntakibuza ko ako kagwi katosambuka kandi kagahanwa."

Televiziyo CNN yerekanye amasanamu ya videwo aho abirabure batwarwa ku babagura basa nk’abipfuza ko babarimira, umwe yagurishwa amadolari y’Abanyamerika atarenga 400. Ayo masanamu yarakwiragijwe mu makungu ndetse haraba n’abihereza amabarabara ku migabane ya Burayi n’Afrika bavyiyamiriza.

Inama ya ONU ijejwe umutekano ishobora gukorana mu ndwi iza kugira bige kur'ico kibazo, nkuko bishikirizwa n’umudipolomate w’Umufaransa muri ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG