Uko wahagera

Umwiyahuzi Yishe Abashika 24 muri Iraki


Abantu bashika kuri 24 barapfuye abandi barenga cumi barakomereka kur’uyu wa kabiri bahitanwe n’igisasu cari catezwe mu modokari mu gisagara ca Touz Khormatou, mu buraruko bwa Bagdad, umurwa mukuru wa Iraki.

Iyo modokari yo mu bwoko bwa camionnette, yar’itwawe n’umwiyahuzi, yaturikiye mw’isoko y’ivyamwa n’imboga muri karatiye irwiriyemwo abayisilamu bo mu bwoko bw’aba shiyite.

Ico gitero cabaye mu masaha y’uruja n’uruza rw'abantu mur’iyo soko.

Ibiharuro vya nyuma biheruka gushikirizwa bivuga ko abantu 24 bapfuye abandi 80 barakomereka, nkuko bishikirizwa n’umukuru w’ico gisagara, Adel Chakour al-Bayati. Nta muhari n’umwe washotse wiyitirira ico gutero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG