Uko wahagera

Amerika Yishe Aba Al Shabab Barenga 100 muri Somaliya


Abasirikare ba al-Shabab muri Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare.
Abasirikare ba al-Shabab muri Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare.

Indege ya gisirikare ya Reta zunze ubumwe z’Amerika itagira umudereva, drone, yagavye igitero muri Somaliya yica abarwanyi ba al-Shabaab barenga 100. Ivyo bitangazwa n’umukuru w’Abasirikare b’Amerika bari ku mugabane w’Afrika (AFRICOM).

Abategetsi ba gisirikare babwiye Ijwi ry’Amerika ko igitero co kur’uyu wa kabiri catumbereye ikambi al shabab yimenyerezamwo iri mu ntara ya Bay, ku birometero bishika 200 mu buraruko bushira uburengero bw'umurwa mukuru Mogadishu.

Amerika ivuga ko ico gitero cashobotse kubw’intererano ya reta ya Somaliya yagikoranye na reta ya Somaliya kandi ico kibanza cari mu bizoshobora gukoreshwa mu gutegura ibitero vy’iterabwoba ku rwego mpuzamakungu.

Amerika imaze kugaba ibitero bishika 30 kuri al shabab mur’uyu mwaka, harimwo ibirenga bitanu mur’uku kwezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG