Uko wahagera

USA Ishobora Gukurikiranwa na CPI Ku Vyaha muri Afuganistani


U.S. and NATO troops Kabul, Afghanistan
U.S. and NATO troops Kabul, Afghanistan

Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kur’uyu wa mbere yasavye abacamanza kumwemerera agatanguza amatohoza muri Afuganistani ku vyaha vyo gufata abagore ku nguvu, kuboreza igufa abantu vyoba vyarakozwe n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ikigo CIA c’Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu.

CPI yipfuza kandi gutohoza ku ba Talibani yagiriza kuba barakoze ivyaha bibangamira agateka ka muntu hamwe no ku basirikare ba Afuganistani yagiriza ivyaha vyo mu ntambara.

Bubaye ubwa mbere Fatou Bensouda arongoye CPI afata ingingo yo gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyakozwe n’Abanyamerika no gutangura guhangana na reta y’i Washington.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ntiri muri CPI, ariko abanyagihugu bayo bashobora gukurikiranwa n’ivyaha bakoreye mu bihugu vyashize umukono ku masezerano yashizeho iyo sentare.

Perezida Bill Clinton yahoze atwara Amerika niwe yasinye ku masezerano y’i Roma yashinze CPI, ariko Perezida George W. Bush mu nyuma yaciye avavanura nayo, ico gihe yavuga ko afise ubwoba bw’uko Abanyamerika bashobora kuzorenganwa hisunzwe imvo za politike.

Nta gihe cashinzwe ngo abacamanza ba CPI batangure ivyasabwe na Bensouda. Ariko abitwara bafise gushika mu mpera z’ukwezi kwa mbere umwaka uza kugira bazobe bamaze gutanga ibirego vyabo, abacamanza bazokorerako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG