Uko wahagera

CPI Isabwa Gutohoza ku Rudandaza rw'Abimukira muri Libiya


Inyubakwa ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i Lahaye mu Buholande
Inyubakwa ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i Lahaye mu Buholande

Perezida w’igihugu ca Nijeri Mahamadou Issoufou yasavye kur’uyu wa mbere sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ko yotanguza amatohoza kuri dosiye y’urudandazwa rw’abimukira b’Abanyafrika bafatwa nk'abaja ruvugwa muri Libiya.

Issoufou avuga ko gushira abantu mu buja ar’icaha gihohotera kiremwa muntu, ati nico gituma mboneyeho akaryo ko gusaba CPI gufata mu minwe ico kibazo. Ivyo yabitangarije kuri radiyo y’igihugu avuye mu rugendo yarimwo I Bonn mu Budagi.

Issoufou yongeye kandi kunegura ivyo bikorwa bigayitse, yemera ko igihugu ciwe kigiye gufata ingingo zo kubihagarika burundu.

Mahamadou Issoufou, yasavye kandi ko ico kibazo coba mubizokwigwa mu nama izohuza umuryango w’ubumwe bw’Afrika n'uw’ubumwe bwa Burayi itegekanijwe ku magenekerezo ya 29 na 30 z’uku kwezi kwa cumi na kumwe I Abidjan muri Kote d’Ivuware.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG