Uko wahagera

Uburundi Bwatanguje Indwi Yahariwe Ingoma


Принц Гаррі та Меган Маркл
Принц Гаррі та Меган Маркл

Mu Burundi kuva kur'uyu wa mbere huguruwe indwi yahariwe ingoma. N'inyuma y'aho Leta y'Uburundi isohoreye itegeko ribuza uw’ari we wese gufata umurwi w'ingoma uzimuvugiriza afise umusi mukuru runaka.

Abazikeneye bakazobanza gusaba uruhusha mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati babicishije mu rwandiko.

Umushikiranganji w’urwaruka inkino, n’imico kama Jean Bosco HITIMANA asigurira abafise amakenga ko iryo tegeko ritaje kubasubiza inyuma ariko ko rije gusubiza umutamana ingoma zari zisigaye zivugirizwa ah’ariho hose, bikazitesha agaciro.

Umushikiranganji HITIMANA yanakuriye inkoni ku gishitsi abigeme bari baratanguye kuvuza ingoma.

Abatimbo bavuga ko iryo tegeko ritunganya ingoma mu Burundi rikeneye izindi ngingo mperekeza, nk’uko bivugwa na Mashanya arongoye umurwi w’abatimbo AKAYAZWE.

Ingoma z’Uburundi ziharurwa mu matungo rusangi kw’isi y’ishirahamwe mpuz’amakungu ryita ku mico kama UNESCO kuva kw’igenekerezo rya 27 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG