Uko wahagera

Benjamin Netanyahu wa Isirayeli Yagirizwa Kurya Ruswa


Umushikiranganji wa mbere wa isirayeli, Benjamin Netanyahu.
Umushikiranganji wa mbere wa isirayeli, Benjamin Netanyahu.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu kur’uyu w’Imana yararengutse imbere y’igipolisi kwisigura ubugira kabiri ku birego bibiri yagirizwa vyo kurya ibiturire. Ivyo bitangazwa n’igipolisi ca Isirayeli.

Itohoza ya mbere, Netanyahu yagirizwa gupfumbatishwa utuganuke, ibinyamakuru bivuga ko dufise agaciro k’ibihumbi vy’amadolari n’abarwizatunga.

Irindi tohoza rigamije kumenya nimba Netanyahu yoba yaragerageje gusinya amasezerano n’umutunzi arongoye ikinyamakuru 'Yediot Aharonot" co muri Isirayeli kugira kimuvuge neza mu makuru gitangaza.

Netanyahu we avuga ko ivyo biriko bikorwa bigamije kumukura ku butegetsi.

Kuva mu kwezi kwa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli amaze kubazwa incuri zitandatu kur’ivyo vyagiriji bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG