Amato, n’indege vyaje biva mu bihugu bitandukanye, nivyo biriko birwana n’umuyaga w’inkazi barondera ubwato bw’igihugu ca Argentine bugendera musi y’amazi bwarimwo abantu 44 bwazimiye mu mazi.
Ubwo bwato bugendera musi y’amazi bitwa, “sous-marin” bupima amatoni 2000 bukagira imetero 66 z’uburebure bwazimiye ku musi wa gatatu ku birometero 430 uva ku nkengera z’amazi yo muri Argentina.
Amato ya gisirikare n’indege zo mu bihugu vya Brezil, Reta zunze ubumwe z’Amerika, Chili, Uruguay hamwe n’Ubwongereza niyo ariko yifatanya n’ayandi kurondera ubwo bwato.
Papa Francisiko, asanzwe ar’imvukira yo muri Argentina, yavuze ko asenga ubudahemuka kugira abari mur’ubwo bwato boboneke bagikomeye.
Facebook Forum