Uko wahagera

Reta y'Uburundi Ihamagarira Impunzi Gutahuka


Ikambi y'impunzi ya Nduta mu gihguu ca Tanzaniya
Ikambi y'impunzi ya Nduta mu gihguu ca Tanzaniya

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu w’Uburundi ariko aragendera impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya.

Pascal Barandagiye urugendo yarutanguriye mw’ikambi ya Nyarugusu ejo kuwa kane, yarusozerereye mu makambi ya Nduta na Mtendeli kuri uyu wa gatanu. Aho hose, ashikiriza ubutumwa bwo guhamagarira impunzi guhunguka.

Mu rugendo rwiwe yari yaherekejwe n’umugwi w’Abarundi baheruka guhunguka bavuye muriyo nkambi. Abo nibo baciriye agace abo bahora babana mu mahema aho I Nduta bababwira ko botahuka kubaho neza.

Bagize bati, tukiri ngaha I Nduta twari dushonje, dukenye, twambara ubusa none raba ubu tumerewe neza kandi ntaco dukenye.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi ryerekana ko impunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya zose hamwe zirenga gato ibiumbi 235.

Ryiteze ko gushika mu mpera z’uno mwaka w'2017 hazoba hamaze gutahuka abarenga gato ibihumbi 12. N’umugambi uzobandanya no ku mwaka uza, hagatahuka abarenga ibihumbi 60.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG