Uko wahagera

Guterres Arashimishwa n'Ibiganiro Ku Kibazo ca Zimbabwe


Antonio Guterres, Umunyamabanga mukuru wa ONU
Antonio Guterres, Umunyamabanga mukuru wa ONU

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres ashikiriza ko ariko akurikiranira hagufi uko biriko biragenda muri Zimbabwe kandi asaba ko umutekano woguma nkuko umeze.

Hashimikiye ko ari ivy'ingirakamaro ko ukudahuza muvya politike vyumvikanwako mu mahoro, harimwo n’ibiganiro hubahirijwe ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

Guterres arashima utwigoro turiko turakorwa n’ishirahamwe rijejwe iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubumanuko, SADC mu gufasha kuronderara inyishu ibibazo Bihari mu mahoro.

Avuga ko abandanya avugana n’umukuru w’umuryango w’ubumwe bw’Afrika hamwe n’abategetsi bo mur’ako karere kugira bafashe.

Umunyamabanga mukuru wa ONU arangiza avuga ko ONU izoguma ishigikiye utwigoro twa Zimbabwe two gutsimbataza intwaro ishingiye kuri demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG