Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yitwariye Amerika muri ONU


Ja, Song Nam aserukira Koreya ya Ruguru muri ONU
Ja, Song Nam aserukira Koreya ya Ruguru muri ONU

Koreya ya ruguru yitwariye Reta zunze ubumwe z’Amerika mu rwete yandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kur’uyu wa mbere, ruvuga ko Amerika ifise ubwato butatu butwara indege buri mu myimenyerezo ya gisirikare bufatanije n’ubw'igihugu ca Koreya y’epfo.

Koreya ya ruguru kivuga ko hambavu y’ubwo bwato bw’Amerika bukomeye na Koreya y’epfo ifisemwo ubwato indwi kandi ivyo bishobora kuba imbarutso y’intambara hakoreshejwe ibirwanisho vya Nikleyeri.

Mur’urwo rwete rwatanzwe na Ja Song Nam, ambasaderi w’ico gihugu muri ONU, Koreya ya ruguru ivuga ko ivyo vyerekana ko umugambi waco wa Nikleyeri ufise ishingiro n’uruvugiro.

Bubaye ubwa mbere mu myaka icumi imyimenyerezo ya gisirikare nk’iyo hagati y’Amerika na Koreya y’epfo ibaye mu mazinga ya Pacifique. Ivyo birego bishikirijwe kandi mu gihe perezida Donald Trump w'Amerika yagabishije ko ashobora gusambura Koreya ya ruguru mu gihe yohirahira igatera Amerika.

Ni mu gihe kandi Trump ariko araheraheza urugendo arimwo mu karere ka Aziya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG