Uko wahagera

Trump Aranegurwa n'Abahoze Batwara Iperereza ry'Amerika


Uwahoze arongoye Ikigo CIA kijewe iperereza hanze y'igihugu, John Brennan (ibubamfu) n'uwahoze arongoye iperereza mu gihugu James Clapper (Iburyo)

Abategetsi babiri bahoze barongoye ibigo bishinzwe iperereza muri Reta zunze ubumwe z’Amerika baraneguye bashimitse Perezida Donald Trump inyuma y’aho avugiye ko yibaza ko we na Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin ata ruhara bagize mu guhungabanije amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’2016.

Abo nabo ni John Brennan yahoze arongoye ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’iguhugu hamwe na mugenzi we, James Clapper, yahoze arongoye ibiro bijejwe iperereza mu gihugu hagati.

Abo bategetsi bashikirije kur’uyu w’Imana ko kubona Trump avuga ukur’aho vyerekana ko ashobora guhendwa vyoroshe n’abategetsi b’abanyamahanga kandi ko bishobora kubangamira bimwe bikomeye umutekano w’Amerika.


Clapper yavuze ko Uburusiya bubangamiye Amerika kandi bushobora guta mu igihugu mu kaga.

Perezida Trump aho yari muri Vietinamu, mu rugendo arimwo mu kerere za Aziya yarabajijwe ku musi wa gatandatu nimba mu biganiro yagiranye na Perezida Putin ikibazo c’uko Uburusiya bwahungabanije amatora yo mu mwaka w’2016 bakivuganye. Yishuye ko Putin ata ruhara na rumwe yabigizemwo.

Trump yongeye avuga ko ivyo vyose ar’ibihimbano vyakozwe n'abo mu mugambwe w’Abademokrate, aho yavuga abo bategetsi bahoze bajejwe iperereza ku ntwaro zihitiye muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG