Uko wahagera

Abamukerarugendo 2 Barishwe n'Inzovu Muri Zambiya


Abamukerarugendo babiri, Umubirigi n’Umuholande barishwe bahonyanzwe n’inzovu mw’ishamba ry’ibikoko muri Zambiya.

Igiporisi ca Zambiya catangaje ko bishwe ku musi wa gatandatu hafi y’uruzi bariko baraba ibikoko mu gisagara ca Livingston mu bumanuko hafi y’uruzi Victoria.

Umubirigi w’imyaka 57 n’umuholande w’imyaka 64 bazize kuba baregereye iyo nzovu bagomba kuyifotora, nkuko amakuru ashikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi, Danny Mwale avuga.

Nta myidondoro y’abo bamukerarugendo irenze iyo yashikirijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG