Uwahoze ar’umukuru w’ibiro vya gisirikare muri Sudani y’epfo, Jenerali Paul Malong, yar’amaze amezi arenga atandatu afungishijwe ic’amaso na reta muri rugo iwe kuva kur’uyu wa kane aridegemvya.
Umutambukanyi wiwe, Lucy Ayak, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Malong yemerewe kuja kwisuzumisha amagara mu buseruko bwa Afrika.
Mu misi iheze, ibiduga vy’intambara hamwe n’abasirikare bararungitswe mw’ibarabara rigana ku rugo rwa Malong i Juba, inyuma y’aho yankiye gukurikiza itegeko ryavuye kwa Perezida ryamusaba gutanga abasirikare 30 bamucungerera ubuzima.
Imibonano igamije kwumvikanisha Melong na reta ya Perezida Kiir imaze indwi itanguye.
Ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika i Juba yashize amakuru ku rubuga rwayo rwa internet ku musi wa mbere igabisha Abanyamerika kwirinda kuja mu bice vyakwiragijwemwo abasirikare.
Facebook Forum