Uko wahagera

Arabiya Sawudite Yahagurukiye Abarya Ibiturire


Umwami Mohammed bin Salman wa Arabiya Sawudite.
Umwami Mohammed bin Salman wa Arabiya Sawudite.

Abantu barenga 200 barahagaritswe muri Arabiya Sawudite ku musi wa gatandatu w’indwi iheze kw’itegeko ry’umwami, mw’isekeza ryo kurwanya ingeso yo kurya ibiturire.

Abategetsi b’ico gihugu batangaje kur’uyu wa kane ko abafashwe barimwo abatwara intara, abashikiranganji hamwe n’abikorera utwabo.

Abamaze gutumwako n’ubutungane bose hamwe ni 208 gushik’ubu nkuko bitangazwa n’umushikirizamanza mukuru w’ico gihugu.

Amafaranga agera ku miriyaridi 100 z’amadolari niyo yanyurujwe mu kiringo c’imyaka irenga cumi. Abategetsi baciye bafata amakonte yo mu mabanki y’abo bakekwa kandi n’ivyo batunze vyitwa ko vyavuye mur’ubwo busuma bizoca bija mu minwe ya reta, nkuko ubucamanza bubandanya bubivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG