Uko wahagera

Umuhungu wa Osama Ahamagarira Kurwanya Abanyamerika


Hamza bin Laden, umuhungu wa Osama Bin Laden.
Hamza bin Laden, umuhungu wa Osama Bin Laden.

Umuhungu asigwa na Osama Bin Laden, Hamza, ahamagarira abayoboke ba al Qaida cane cane abanyagihugu batobato kuvira hasi rimwe bakarwanya abakozi bakorera Abanyamerika.

Yasavye kandi Abayisilamu kwihora Abanyamerika kuko bishe se, Osama bin Laden.

Hamza, bivugwa ko ubu yoba afise imyaka 28 y’amavuko yabitangarije mw’ijambo ryatangajwe kur’uyu wa kabiri n’ikinyamakuru ca al-Qaida ca Media Foundation.

Hamza yabwiye abayoboke ba al Qaida ko yiyamirije demokarasi mu kuvuga ko ubwigenge bw’abantu butabonekera mu dupapuro tutagira agaciro dutererwa mw’isandugu.

Iryo jambo arishikirije inyuma y’imisi mike ikigo c’Amerika gishinzwe iperereza ryo hanze y’igihugu, CIA cerekanye amasanamu ya videwo y’ubugeni bwa Hamza, ari mu vyatowe igihe hagabwa igitero cishe se mu mwaka w’2011 muri Pakistani.

Imbere y’iyo videwo ya CIA, Hamza yaheruka kubonwa akiri umwana muto.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG