Uko wahagera

Amerika Yagiriza Koreya ya Ruguru Gufasha Iterabwoba


H.R. McMaster umuhanuzi mu biro kwa Perezida mu bijanye n'umutekano mu gihugu hagati
H.R. McMaster umuhanuzi mu biro kwa Perezida mu bijanye n'umutekano mu gihugu hagati

Igihugu ca Reta zunze ubumwe kiri mu nzira yo kwemeza ko Koreya ya ruguru ar’igihugu gifasha iterabwoba, ivyo vyatangajwe kur’uyu wa kane n’umuhanuzi mu biro vya perezida muvy’umutekano mu gihugu.

Kur’uyu wa kane, departema ya reta y’Amerika niho yari gutangaza iyo ngingo ariko umuhanuzi mu biro vya perezida muvy’umutekano mu gihugu H.R. McMaster yavuze ko Amerika ikiri mu nzira ivyiga.

Iyo ngingo mugihe yokwemezwa yokurikirwa n’ibindi bihano bikomeye muvy’ubutunzi kuri Koreya ya ruguru kugira igondozwe.

Koreya ya ruguru yigeze kuba ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba mu mwaka w’1988 inyuma y’aho ituririye indege ya Koreya y’epfo hapfa abantu 115. Yakuwe mur’urwo rutonde mu 2008 ar’uko isinye amasezerano yo guhagarika umugambi wayo wa Nikleyeri yahavuye ivamwo ata gihe kinini giheze.

Mwomenya ko Irani, Siriya na Sudani arivyo bihugu vyonyene gushik’ubu vyashizwe ku rutonde rw'ibihugu bifasha ibikorwa vy’iterabwoba.

Bruce Klingner umuhinga yanonosoye ivya Koreya ya ruguru avuga ko kubona ico gihugu gihungabanya itumatumanako muri Amerika, kwica abanyagihugu baco, bihagije ko gishirwa mur’uyo mwanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG