Uko wahagera

Ukutumvikana muri ONU kuri Siriya


Inama ya ONU Ijejwe Umutekano ikoranye, i New York
Inama ya ONU Ijejwe Umutekano ikoranye, i New York

Integuro zibiri z’amategeko, imwe y’Uburusiya, iyindi ya Reta zunze ubumwe z’Amerika ku kwongereza ikiringo c’abahinga mpuzamakungu ba ONU bariko baratohoza ku vyuka vy’ubumara muri Siriya nizo ziriko zirategurwa muri ONU.

Icuka kibi hagati y’ivyo bihugu bibiri rutura kw’isi kur’ico kibazo kirushiriza kwiyongera, mu gihe ikiringo c’abahinga ba ONU bariko batohoza ibikorwa vya Siriya yagirizwa kuba yateye ivyuka vy’ubumara abanyagihugu kirangirana n’uku kwezi, itariki ya 16.

Haheze indwi abo bahinga bashikirije raporo yegeka kuri Siriya urupfu rw’abantu 80 bishwe batewe ivyuka vy’ubumara.

Kuwa kane Uburusiya bwashikirije akanama ka ONU kajejwe umutekano integuro y’itegeko yemerera abo bahinga kubandanya amatohoza mu kiringo kitarenze amezi atandatu.

Uburusiya bubasaba kandi botesha agaciro raporo y’ivyo batohoje mu gisagara ca Khan Cheikhoun ahatewe ivyo vyuka kandi gisaba ko abagize uwo murwi basubira kwihwezwa kuko ngo barimwo amahinyu.

Amerika nayo mu nteguro yayo, yongera uwo murwi iyindi myaka ibiri kandi ikipfuza ko ivyo bikorwa vyabo vyobandaniriza no mu bindi bice vya Siriya.

Abakurikiranira hafi ico kibazo bavuga ko kubw’uko kudahuza kw’ivyo bihugu bibiri rutura kw’isi bishobora gutuma uwo murwi uhagarikwa burundu kuva kw’itariki ya 16 y’ukwezi kwa cumi na kumwe. Bagiriza Uburusiya ko bugomba kuwica mu mayeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG