Uko wahagera

Amasezerano y’Uburenganzira bwo Kugenderanira muri CEMAC


Ibihugu vyo muri Afurika yo hagati bisangiye ubutunzi n’ifaranga, vyarapfunditse amasezerano akomeye mur’iyi ndwi.

Abakuru b’ibihugu bitandatu bigize uyo muryango bahuriye mu nama mu gihugu ca Cadi. Barapfunditse amasezerano akuraho urupapuro rusabwa imbere yo kwinjira mu gihugu, bita visa, ku babituye. Yamara haracari ingorane zijanye n’ukwidegemvya bwite hamwe no gutsimbataza ubutunzi hagati y’ivyo bihugu.

Iyo ingingo ifashwe hari haze imyaka 23, abategesi batanguye kuganira ku mugambi wo gukura ibisabwa abanyagihugu mu kugenderanira.

Kuva ubu rero, abanyagihugu bo muri Kameruni, Guinee Equatoriale, Republika ya Centre Afrika, Congo-Brazzaville, Gabon na Cadi, ntibagikenera uburenganzira bita visa bwo kwinjira mur’ivyo bihugu bitandatu.

Prezida wa Cadi, Idris Deby, ni we yatangaje ayo masezerano, igihe c’inama nkuru y’abakuru b’ibihugu, yabereye mu murwa mukuru Ndjamena.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG