Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump arabandanya kuvuga kw’umunyagihugu afise amamuko mu gihugu ca Uzbekistani yagirizwa kuba yarakoresheje ikamyoneti mu kwica abantu umunani abagonze mu gisagara ca New York, akwiye guhaba igihano co kwicwa.
Yamara Trump asa n’uwuriko arahindura umugambi yar’afise wo kugerageza kumurungika mw’ibohero ry’i Guantanamo, mu gihugu ca Cuba, ripfungirwamwo abantu bagirizwa ko bakora ibitero vy’iterabwoba.
Ku wa kane, Trump yavuze ko wewe yipfuza kumurungika i Guantanamo. Yamara ngo ico gikorwa gifata igihe kirekire kurusha igihe urubanza yocirwa muri sentare yo muri Amerika rwomara.
Abashikirizamanza ba Reta ya Amerika, ku musi wa gatatu, baragirije uyo mugabo Sayfullo Saipov afise imyaka 29, ko yatwaye ikamyoneti yari yakotesheje, akayicisha mw’ibarabara ry’abagendesha amakinga hamwe n’abantu bagenga n’amaguru. Yasetse abantu, gushika aho yicamwo umunani, akongera agakomeretsa abandi 11.
Iyo kamyo yaruhiye guseka iyindi modoka ya bisi, maze Saipov aca ayivamwo yiruka, agenda ararekana inkoho y’igikinisho yar’afise, imbere y’uko umupolisi wo mu gisagara ca New York, amurasa mu nda.
Mu vyaha yagirizwa, harimwo kuba yarafashije umurwi ukora ibitero vy’iterabwo kugandagura abantu hamwe no gusambura imodoka.
Facebook Forum