Uko wahagera

Papa Faransisiko Arababazwa n'Ibitero vy'Iterabwoba


Papa Faransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika kur’uyu wa gatatu yatangaje ko ababajwe n’urutavanako rw’ibitero vy’iterabwoba biriko biba kw’isi mur’iki gihe.

Ivyo yabitangaje afatiye ku gitero ca hafi cabaye kur’uyu wa kabiri I New York muri Reta zunze ubumwe z’Amerika cahitanye abantu umunani.

Papa yabwiye isinzi ry’abayoboke bari bakoraniye ku kibanza ca Saint Pierre i Vatikano mu masengesho ati: Ndababajwe n’ibitero biherutse muri Somaliya, Afghanistani n’icabaye New York".

Yasabiye ababuze, abakometse hamwe n’imiryango yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG