Uko wahagera

Kuki Impunzi z'Abarundi Zitinya Gutahuka?


Impunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya
Impunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya

Impunzi z’Abarundi zimenyesha kw’ata mutekano zogira hamwe zotahuka mu gihugu cazo. Ivyo naho abategetsi b’Uburundi n’ibindi bihugu vyo mu karere bateye akamo kw’izo mpunzi zova mu makambi zirimwo zigatahuka

Mu kiganiro zahaye Ijwi rya Amerika, izo mpunzi zatangaje ko zitinya gutotezwa na Reta y’Uburundi hamwe zotahuka.

Uruhagarara rwa politike rwatumye impunzi zirenga 400,000 zihunga Uburundi zija mu bihugu bibanyi, cane cane mu Rwanda, Uganda na Tanzaniya.

Igihe yagendera ikambi y’impunzi ya Nakivale, mu gihugu ca Uganda mu ntango z’uyu mwaka, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu Burundi, Pascal Barandagiye yasavye impunzi gutahuka. Yamenyesheje kw’igihugu citeze kuzakira.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryitaho impunzi, HCR, riragabisha kw’’ikandamiza rifatiye ku mpamvu za politike n’ityozwa ry’agateka ka muntu bibandanya gutuma ibitigiri vy’impunzi zihungira mu bihugu bibanyi bibandanya kwiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG