Uko wahagera

Odinga Avuga ko Atazoha Agahengwe Kenyatta


Raila Odinga ashikiriza ijambo ku binyamakuru i Nairobi, Oct. 31, 2017.
Raila Odinga ashikiriza ijambo ku binyamakuru i Nairobi, Oct. 31, 2017.

Umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga, yavuze ko azobandanya arwanya itorwa rya Uhuru Kenyatta gushika kw’iherezo, itorwa yemeza ko ryaciye kubiri n’amategeko.

Ivyo yabitangaje kur’uyu wa kabiri. Avuga ko mu gihe ataco yokora yoba yemeye ivyavuye mu matora, yemeza kandi ko ariko arwanira Demokarasi.

Iryo jambo ryiwe ryari ririndiranywe igishika n’abanywanyi biwe. Avuga ko kugira yemererwe ko hatunganwa ayandi matora mu misi 90 nkuko avyipfuza agiye kugarariza mu gihugu, ariko ntiyavuze nimba azokwitura sentare nkuko yabikoze mu matora ya mbere

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG