Uko wahagera

Umutegetsi Yakuwe ku Butegetsi muri Catalonye mu Bubiligi


Perezida Carles Puigdemont yakuwe mu ntara ya Catalonye, amenyesha kw’atazorondera ubuhungiro mu gihugu c’Ububiligi. Ivyo bibaye umusi umwe inyuma y’aho ashikiye mur’ico gihugu. Mur’iki gihe abashikirizamanza mu gihugu ca Espanye batangaje ko bagiye kwagiriza abategetsi b’intara ya Catalonye ivyaha vyo gushaka kugumura abanyagihugu kugira biyamirize ubutegetsi n’ukunyuruza amafranga y’igihugu.

Puigdemont yatangaje uno musi ku wa kabiri, ari i Bruxelles, kw’atariko arondera ubuhungiro mu Bubiligi. Yatangaje kw’ari mur’ ico gihugu ku mpamvu z’umutekano n’umwidegemvyo. Yamara ntiyamenyesheje ikiringo azomara mu Bubiligi.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu ca Espanye, Jose Manuel Maza yaratangaje ku musi wa mbere kw’azokwagiriza ivyaha abayobozi b’intara ya Catalonye bagerageje gutuma iyo ntara yiyonkora kuri Espanye.

Sentare niyo izofata ingingo yerekeye nimba izokwihweza ivyo vyagirizo bishoroba gutuma abavyagiwe bacirwa umunyororo w’igihe kirekire, harimwo imyaka mirongo itatu ku caha c’ukugumuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG