Uko wahagera

Abarundi Bahungutse Barasaba Imfashanyo.


Abantu barenga 1400 baramaze guhunguka mu ntara ya Makamba. Muri abo harimwo Hakizimana Godefroid, wo muri zone ya Kabonga muri komine ya Nyanza-Lac, yari yahungiye mu gihugu kibanyi c’Intwaro ya Demokarasi ya Congo. Yahungukanye n’abana biwe 7, akaba amenyeshako abayeho mu buzima bubi. Hakizimana amenyesha ko we atatahukanywe n’ishirahamwe ryitaho impunzi (HCR) . Inyuma y’ukwezi, ntampfashanyo araronka. Nyandwi Eric nawe yaje ava mu gihugu ca Tanzaniya atahukanywe na HCR. Aremeza ko yatekerewe amahera n’imfungurwa, ariko bidashemeye ku muntu aba atanguye ubuzima bushasha. Asaba ko yoronswa vya nkenerwa muri kino gihe c’irima. Mu basangwa, Maurice Bayonga, aremeza ko bagiye bafasha abatahutse naho hari ubukene. Yemeza ko babandanije kubungabunga ivyari vyasizwe n’abahunze bafadikanije n’abajejwe umutekano n’intwaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG