Uko wahagera

Perezida Buhari Yirukanye Abafasha Biwe Babiri


Perezida w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari yirukanye abafasha biwe babiri bakomeye. Birukanywe amezi atandatu inyuma yuko babaye barahagaritswe mu mabanga yabo bifatiye ku vyagirizo vya ruswa kuva mu kwezi kwa kane.

Ivyo vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kur'uyu wa mbere.

Perezida Buhari yatowe kuba perezida mu mwaka w’i 2015. Yari yatanze umuhango kw’azofatira ingingo zikomeye abarya ruswa.

Yaranabeguwe inyuma yuko ashitse ku butegetsi kw’atoteza abanyepolitike batavuga rumwe na Reta.

Ingingo ya perezida Buhari y’ukwirukana abo bahanuzi biwe bakomeye, Babachir Lawal na Ayo Oke ibonwa ni nk’ikimenyetso c’ukwiyemeza kwiwe ku vyerekeye gukwirikirana abarya ruswa, ataravye ivyiyumviro vyabo vya poritike n’imigambwe barimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG