Uko wahagera

USA: Paul Manafort Yishikirije Ibiro FBI


Paul Manafort
Paul Manafort

Paul Manafort, yayoboye mu gihe gitoyi abari bajejwe igikowa c’ukwiyamamaza ca Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump mu mwaka uheze, yishikirije ibiro byo gutohoza FBI.

Bifatiye kw’itohoza ku kwivanga kw’Uburusiya mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka w’i 2016.

Umurwi w’abantu batowe ku rwego rw’igihugu kugira bashikirize ibirego bemeje ku musi wa gatanu ivyagirizo mw’itohoza riyobowe n’umushikirizamanza Robert Mueller.

Manafort yamaze igihe ayoboye ikigo kijejwe kijejwe guserukira inyungu z’abategetsi bo mu mahanga harimwo inyungu zo mu bihugu vya Ukraine n’Uburusiya. Richard Gates yakoranye na Manafort nawe nyene yishikirije ibiro vya Amerika bijejwe gutohoza ivyaha, FBI.

Ivyagirizo vyashikirijwe na Robert Mueller bibaye ivya mbere kuva atanguye itohoza mu kwezi kwa gatanu.

Perezida wa Amerika, Donald Trump yagumye avuga kw’amatohoza kw’isano hagati y’abari bajejwe igkorwa ciwe c’ukwiyamamaza n’abategetsi b’Uburusiya ar’ibintu abademokrate bakoresheje nk’icitwazo ku gutsindwa kwa Hillary Clinton mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG