Uko wahagera

Abakekwa muri Anketi kuri Dosiye y'Uburusiya Baramenyakana


Robert Mueller, umushikirizamanza adasanzwe atohoza ku bagize uruhara mu gukorana n'Uburusiya mu matora ya 2016
Robert Mueller, umushikirizamanza adasanzwe atohoza ku bagize uruhara mu gukorana n'Uburusiya mu matora ya 2016

Washingtoni ndetse n’Abanyamerika barindiranye igishika kumenya umuntu wa mbere yagirwa n’icaha co kuba yaragize uruhara mu gukorana n’Uburusiya mu guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016.

Amakuru yaciye ku bimenyeshamakuru vyo muri Amerika ku musi wa gatanu yavuze ko sentare nkuru y’igihugu yamaze kwemeza amazina amwe inyuma y’amatohoza arongowe n’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller. Kur’uyu wa mbere hitezwe ko umwe mu bagirizwa atangazwa icese, agaca atabwa mu mvuto.

Kuva kuwa gatanu gushik’ubu ntawuzi uwo muntu wa mbere mu bari begereye Donald Trump mu bihe vyo kwiyamamaza yagirizwa kuba yakoranye n’Uburusiya mu kwivanga mu matora uw’ari we.

Ariko ibinyamakuru bivuga ko umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller ariko aratohoza cane cane ku bantu babiri bakomeye bakoranye na Trump mu bihe vyo kwiyamamaza.

Uwa mbere akekwa ni Michael Flynn yahoze ar’umuhanuze wa Trump ku bijanye n’umutekano mu gihugu, uwo nawe yakuwe mur’ayo mabanga atarakwiza ukwezi, yagirizwa kubesha icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence n’abandi bategetsi ku mibonano yoba yaragiranye na ambasaderi w’Uburusiya I Washington.

Michael Flynn yahoze ar'umuhanuzi wa Perezida muvy'umutekano mu gihugu hagati
Michael Flynn yahoze ar'umuhanuzi wa Perezida muvy'umutekano mu gihugu hagati

Uwugira kabiri anuganugwa ni Michael Manafort, yar’ashinzwe gutunganya ibikorwa vyo kwiyamamaza kandi yari yegereye ubutegetsi bw’Uburusiya.

Paul Manaford yahoze ar'umuyobozi w'Ibikorwa vyo kwiyamamaze vya Perezida Trump
Paul Manaford yahoze ar'umuyobozi w'Ibikorwa vyo kwiyamamaze vya Perezida Trump

Perezida Donald Trump nkuko asanzwe amenyereye abicishije mu butumwa bwa Twitter kur’uyu w’Imana ntiyatanzwe kuvuga ko amatohoza y’umushikirizamanza adasanzwe ari nk’uruhigi ruriko rukorerwa umurozi.

Kiretse ko ayo matohoza yerekeye abegereye perezida, Mueller ariko kandi aratohoza kuri Trump ko atoba yashatse kuyovya ayo matohoza mu gukura mu mabanga James Comey yahoze arongoye ibiro vy’inyamiramabi vya FBI, aza yari yamaze gutangura ayo matohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG