Uko wahagera

Abajejwe Umutekano 2 Bahagaritswe mu Mabanga muri Somaliya


Umukuru w’igipolisi hamwe n’umukuru w’ibiro bijejwe iperereza mu gihugu ca Somalia, barakuwe mu mabanga yabo inyuma y’aho umuhari ukora ibitero vy’iterabwoba al-Shabab ukoreye igitero cihaye inkumbi kw’ihoteri ku murwa mukuru Mogadishu.

Amakuru atangazwa n’abajejwe gucungera umutekano avuga kw’abantu 26 basize ubuzima mur’ico gitero cabereye kw’ihoterli yitwa Nasa Hablod Two, iri I Mogadishu. Abandi bantu barenga 20 barakomeretse.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru Abdirahman Omar Osman yemeje ikurwa mu mabanda ry’abo bategetsi babiri, avuga ko bari guhagarika iyo kamyo yaturikijwemwo igisasu mu gihe bari gukora neza ibikorwa vy’iperereza bari bajejwe.

Abo bagwanyi bateye iyo hoteri ku musi wa gatandatu, akanya gatoyi inyuma y’aho baturikirije ikibombe ku rugi rugana kur’iyo hoteri.

Abapolisi batangaje ko bafashe babiri mu bantu bakoze ico gitero.

Ku musi wa gatandatu kandi harabaye ikindi gitero ku nyubakwa yahoze ar’ibiro vy’inama nshingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG